Rwasa Agathon aritanganiza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu gihe Uprona irongowe na Karori Nditije yitunganya ukundi
Le 20 décembre 14

Abafaransa barayamaze bati "amongera nka niyo mazituvya". RWASA Agathon yagiraniye urunani n'ishami rya UPRONA rirongowe na Karori NDITIJE mu ntumbero yo kurondera abamushigikira abone kuronka inguvu zomutuma arwanira intebe y'umukuru w'igihugu mu matora yo 2015. Si bibi kugira indoto nk'izo, ariko umuntu yokwibaza nimba RWASA yariyunviriye neza imbere yo gushira hamwe inguvu na UPRONA canke ko ayizi neza? Umntu yihweza ibintu n'ibindi abona ko hari imikino ibiri. RWASA yibaza ko amaze gushika mu kibanza c'umukuru w'igihugu azoca yihindukiza vyoroshe UPRONA. UPRONA nayo nyene ibitegekanya uko. Umukino nk'uwo warashitse mu gihugu ca Kongo, aho Lawurenti Dezire KABILA yikurako RPF ahejeje gushika ku butegetsi hagati ny'umwaka w'1997-1998. Muri uwo mukino wabo ibiharuro vya RWASA Agathon biratandukanye n'ivya UPRONA nk'uko n'umurongo wa politike wa FNL utandukanye n'uwa UPRONA.

Icerekana ko ico ciyunviro gifise ishingiro, ni inyishu Umushingantahe SIBOMANA Tasiyano yatanze ku kibazo bari bamubajije mu mpera z'indwi iheze aho yari yagendeye abanyagihugu bo mw'ikambi y'abateshejwe izabo b'abatutsi yo ku RUHORORO mu ntara ya Ngozi. Bamubajije bati kubera iki mwemeye kuja ku mugongo wa RWASA Agathon? Yabishuye ati: "reka baduheke badushikane mw'ijuru, nitwashikayo tuzomenya ico twikorera. Ni ku mugongo wa FNL tuzotoza abatutsi benshi babaporona baba abatwara imitumba, inama mpanuzwajambo za komine, ba musitanteri, abashingamateka n'abakenguzamateka. Dushitse mu Nama Nshingamateka n'inguvu zikwiye tuzoca dutoza rya tegeko ryemeza ko mu burundi habaye ihonyabwoko ry'abatutsi. Muri urwo rwego ntihazoba hari abatutsi b'iwacu gusa, hazoba hari n'abo kwa Konsiriya be n'abo mu yindi migambwe. Tuzogira imikenyuro ya poritike kuburyo batwunva kandi badushigikire kuburyo n'abonana tuzobagura".

Umugambwe UPRONA waratunganije umugambi ujanye no gukoresha RWASA n'umugambwe wiwe ku nyungu zawo bwite atari iz'igihugu. Ubu rero Agathon RWASA yibaza ko ariko yitwara neza mu rukino rwo guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu. Muri uwo mwanya nyene UPRONA uriko witunganya neza kugira uzoshike kw'ihangiro wihaye.

Ni umusi umwe RWASA azoza abona atakiri ku rubuga rwa poritike atazi ingene vyagenze.
Burundi Transparence c'est l'actualité en continue