Ibinyegezwa biri hagati y'abagize urunani ruhuza Rwasa, Nditije na Minani
Le 12 décembre 14

Banamarimwe muyoboka RWASA Agathon namwe Nziraguhemuka za FRODEBU NYAKURI, Barundi benewacu, mudutunge mutuburane, dufashe kano kanya kugira ngo tubashirire ahabona ibinyegezwa biri mu runani rwa politike ruherutse kuvuka ruhurikiyemwo umugambwe UPRONA ishami rirongowe na Karori NDITIJE, FNL ishami rirongowe na RWASA Agathon hamwe na SAHWANYA FRODEBU NYAHURI urongowe na Muganga Yohani MINANI.

Benewacu, bimwe mu binyegezwa dushimye gushira ahabona ni uko urwo runani ruherutse gushingwa ari umugambi umaze igihe kirekire utegurwa n’umugambwe w’abiyita Abadacikana UPRONA mu ntumbero yo kwiyegereza RWASA na MINANI babanze bakorane, nabo babizere, gutyo babagire ibikoresho bijanye n’inyungu za UPRONA,inyuma y’aho bategekanije guca babambika umusaraba ko bagize ihonyabwoko ry’Abatutsi gutyo bace bafatwa batabwe mu mvuto bongere bakurikiranwe n’ubutungane. Imbere y’uko iryo fatwa rishika, bishimikije amatora yegereje mu 2015, Abaporona bategekanije kubanza kwegeranya intonde z’abari mu makomite yo kuva ku rwego rw’igihugu gushika ku mitumba ba FNL na FRODEBU vyitwa ko bakenewe kugira vyorohe gutunganya intonde rusangi z’urwo runani rushasha z’abazohiganwa muri ayo matora;urwo rero rukaba ari urwenge rwa UPRONA rwo kwironkera mu buryo bworoshe abo izokwegekako uwo musaraba w’ihonyabwoko ry’abatutsi mu Burundi.

Uwuza kw’isonga mu bateguye uwo mugambi mubi ni Petero BUYOYA. Ni nawe yegeranije uburyo bw’amahera atagira uko angana yahendeshejwe RWASA na MINANI mu kubahuma amaso kugira ntibahinyure uwo mugambi uberekeye abicishije kuri Domisiyano NDAYIZEYE kuko ngo baranabisikanye igihe c'intwaro mfatakibanza.

Banamarimwe ba FNL na mwebwe Nziraguhemuka za FRODEBU NYAKURI murahagabira ntimuhave murwa mu manga nkuko indongozi zanyu zamaze kurugwamwo. Mwibuke ko ibujakuzimu si urufatanamende.

Urunani ADC-IKIBIRI na rwo nyene ntiruje ngaho ngo ruryame umukondorazosi kuko ivyaraye bitubije FNL ishami rirongowe na RWASA hamwe na FRODEBU NYAKURI yo kwa Yohani MINANI vyimirije gushayisha bamwe mu ndongozi z’imigamwe irugize. Ngaha imigamwe igiye guhura n’ayo mahano ni SAHWANYA FRODEBU irongowe na Léonce NGENDAKUMANA, CNDD irongowe na Léonard NYANGOMA co kimwe na UPD-ZIGAMIBANGA urongowe na Chauvineau MUGWENGEZO.
Burundi Transparence c'est l'actualité en continue