Burundi Transparence, c'est l'actualité en continue.
Accueil                     Précedente                     Suivante                 Archives

 

 

 Actualités

Ubuzima buzimvye kuri bamwe, agahengwe kadasanzwe ku bandi
 Le 29 juin 12

Mu kiringo abarundi batari bake bugarijwe n'ubukene budasanzwe biturutse ku buzima buzimvye, hari akandi karwi k'abantu bari ku rushi bibereye mu mahoro ntangere kuko kuri bo n'imiryango yabo ari agahengwe kadasanzwe kuko umengo babahaye akagega bibereyemwo mu mahoro.

Ako karwi ahanini kagizwe n'abitwa ko bakomeye mu mugambwe uri ku butegetsi bwa Petero NKURUNZIZA ntibigera basimbishwa umutima n'amakuba y'ubukene yugarije abarundi isinzi ariko bakanezerwa no kubandanya biyoragurira amatunga y'igihugu mu gihe abandi bariko batubika uwa vubi.

Muri iyo nzira nyene, agace k'abo bahemu kirirwa karahenda abadandaza bamwe bamwe ngo kabereke isoko ry'itunga ryoroshe gushikira igihe abandi nabo baba bariko baraduza ubwoko bw'amagorofa nyakuri atagereranye n'amikoro bategerezwa kuba bafise.

Muri abo nyene, abategetsi bamwe bamwe bakoresheje amayeri yabo, barashinga amashirahamwe ataho ahagaze mu vy'amategeko kugira bikingire bongere bayihishemwo ngo boye gusahura amatunga ya Leta ata camira. Ni co gituma n'uwitwa ko yari ajejwe kubakubitira akagohe kuko ariwe aramutswa igihugu Petero NKURUNZIZA, afatanije n'akandi karwi ka ba somambike biwe b'abadandaza bava mu ntara imwe nawe, ariko arubaka ihinguriro ry'ibinyobwa ngo bitaboreza ariko bitungisha rya VYERWA. Ikibanza co nyene rihagazemwo kandi yacigaruriye ku gikenye kingana n'imetero kwadarato ibihumbi mirongo ine (200x200m) ; gushika ubu honyene nyene, aho ariko yita ku rutare n'amabuye ngo aze acigine igihe uburundi buzoba buriko bwigina imyaka mirongo itanu iheze bwikukiye, izo nyubakwa ntagereranywa zimaze gutwara imifuko y'isima ingana ibihumbi cumi na bitanu (15000), ni ukuvuga amafaranga y'amarundi yababa imiliyoni amajana atatu na mirongo indwi na zitanu ( 375 000 000 BIF). Aha rero nta wokwirengagiza ko ico kibanza yihagiye ari agatuko kuko cari gisanzwe kiri mu bibanza vy'iratiro kuva na kera na rindi abasogokuru bamye bubaha.

Hinge tubacire ku mayange inkundwakazi za NKURUNZIZA ari nabo bakorana iyo migambi yo gusahura igihugu ngo ni amashirahamwe : abo ni, iruhande y'uwo murwizatunga nyakuri kandi ari Umukuru w'igihugu c'Uburundi, hari kandi Koloneli NYAMUGARUKA Dominiko, atwara inteko zicungera umutekano w'Umukuru w'igihugu, NIYONSABA Sylvestre na UWIRAGIYE Farasisiko bakunze kwita MAYONDORI, abadandaza bakomeye kandi ba somambike ba NKURUNZIZA Petero.

Agahebuza rero koko, Petero NKURUNZIZA yariyobagije ko akiri Umukuru w'igihugu hanyuma yiyibagiza ko ayo mabanga atabangikanywa n'ubundi buhumvyi bwose buhemba canke ntibuhembe, haba ku gatwe kiwe canke ak'incuti ziwe. Muri make rero, ahonyanga Ibwirizwa Nshingiro yarahiye ko azokwubahiriza bene umurango bakoranye.

Muri make rero, ntawokwirengagiza ako kamuna, aho abandi bagowe ay'ikivumvu, abegereye umugambwe CNDD-FDD bobo bishiriye agati mu ryinyo kuko iwabo ibigega bibogaboga, gurtyo bagafata minenerwe iterambere ry'abarundi benshi. Nico gituma ibiciro biguma biba umurengera bigatuma uwudacuditse na NKURUNZIZA ataco bahereza intoke ; Imana irakwiye kumukibitira akagohe.