Burundi Transparence, c'est l'actualité en continue.
Accueil                     Précedente                     Suivante                 Lettres de l'Hon P. Kampayano

 

 

 Lettres de l'Hon P. Kampayano

La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°58)
 Le 02 décembre 09



Ikete N°58
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr

Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,

Uraho? Jewe ndaho ni ukuri! Atari gusa impungenge mfise kubijanje n’ingorane ziri mu gihugu ziturutse ku ndimi nyinshi mu butegetsi kubera ukutavuga rumwe cane cane kubijanye no guhumuriza abarundi. Ukunigira mu menshi ubutungane bugacika igikoresho ca bamwe bamwe ntibuheze bukorere bose birateye ubwoba n’agahinda ncuti. Ncuti, urasi! Nkiri muri CNDD-FDD, umusi wa 16/Munyonyo twarawuha agaciro kanini kuko watwibutsa ihagarikwa ry’intambara yari yasheshe amaraso menshi; none ubu kabaye akamizwe n’ingoma. Ehe raba! Urazi ko I Gitega hagati y’uwa…… n’uwa……/11/2009 hariko harabera inama haba hagati y’Abanyepolitike n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike eka n’abari muri leta! Wibuke ko imigambwe nka UPD-Zigamibanga, FNL, CNDD na MSD batitavye ivyo biganiro ata gaciro vyahawe twihweje abaguma bapfungwa, abandi bicwa abandi baburagizwa. Eka na FRODEBU na UPRONA barashikirije ko ivyo biganiro batabirimwo ariko jewe novuga ko bari babirimwo ahubwo boba ata jambo bafise kuko usanga ababo bari muri leta baba barimwo. Igikuru ni uko yaba UPRONA canke FRODEBU nabo babonye utunenge muri ivyo vyiswe ibiganiro.

Mwana wa mama, ugufuta (FORSC) Urunani rwamashirahamwe adaharanira inyungu za politike muri iki gihe havurwa ibiganiro, na cane cane muri iki gihe rwadomye urutoke kuruhara Buramatari w’intara ya Kayanza yoba afise mw’igandagurwa ry’umuhisi Sabiriho Salvator ntubona ko umwizero w’abarundi n’amakungu ku Mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu uciye ugabanuka gose cane cane mu bijanye cane cane no kuremesha amahoro biciye mukuja inama hisunzwe kandi iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu?

Wewe woba ushikira Umushikiranganji Nduwimana hanura uti iyo ngingo wafashe isubiremwo ahubwo ukosore ivyo uvuga ko bihazevyaturutse mu bundi bushikiranganji wanashaka no kubo wasubiriye. Umusabe kandi yihanganire ukutavuga rumwe na FORSC kubijanye n’urupfu rwa Salvator Ntabiriho ashire imbere amasezerano mpuzamakungu ajanye n’ivyagateka ka zinamuntu. Kuri ivyo nyene, urambariza abarongoye UPRONA ko Yve SAHINGUVU icegera ca mbere c’Umukuru w’i gihugu aturuka muri uwo mugambwe, ko ataco yofasha narirya Edouard Nduwimana ajejwe ubushikiranganji bukukira ibiro vyiwe. Ataco Sahinguvu yofasha UPRONA nayo nyene yoba iteye amakenga.

Murundi mwene wacu nawe Munyamahanga ukunda uburundi, gumiza Uburundi ku muzirikanyi, ukore ku buryo ibiganiro vyijukirwa na bose harimwo n’abaturuka mu mugambwe w’abari ku butegetsi, ku buryo imigambwe n’amashirahamwe yigenga vyubahirizwa, kuburyo kandi ubutungane bukorera bose. Reka ndakwibutse ya mpanuro Musenyeri Ntahoturi yaha Umukuru w’igihugu mukumusaba kutagira nkabandi bama bashaka guhindagura amategeko kugira bigumize kubutegetsi. Ni imwe mumpanuro zotuma Demokarasi igira agaciro wokwama utanga kuko amategeko atubahirijwe igihugu ntigitekana.                                           Hon. KAMPAYANO PASCALINE