Burundi Transparence, c'est l'actualité en continue.
Accueil                     Précedente                     Suivante                 Lettres de l'Hon P. Kampayano

 

 

 Lettres de l'Hon P. Kampayano

La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Lettre N°51)
 Le 07 octobre 09



Ikete N°51
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr

Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,

Amakuru yaho uherereye? Ndizeye ko udahengeshanya kugumiza umutima ku gihugu c’Uburundi kuko birakenewe cane. Ntugire ncuti ko nirengagiza ingorane urimwo aho mu gisagara ca Bujumbura nazo zikaba Atari ubukene n’inzara gusa ahubwo haratayemwo ukubura umuyaga nkuba. Niwaba uhembera agaswahiri na gake nkanje” pole sana”. Niwaba wari utunzwe no kumwa (Salon de coiffure), gusudira, kudandaza ibifungurwa nk’amafi, inyama n’ibindi vyahora bibikika neza ari uko bikanyishijwe ni ukuri sinyobewe ko ufise uruhombo runini mu rugo kandi ko watewe n’ubukene bwinshi ninaco gituma iyo mba nari mfise ijambo novuga amatagisi utanga nosaba akagabanu. Emwe! N’ukwigumya narirya Umuyobozi mukuru wa REGIDESO yivugiye ngo izo ngorane zizohera mu mwaka w’2013, Umushikiranganji abijejwe nawe ngo n’ugusenga! Biragoye kuko n’Imana ifasha uwifashije. Abajejwe ico kibazo uhereye kuri Leta nibahaguruke nyabuna bimwe biboneka kandi bemere kwegera ababafasha bose, baba abarundi canke abanyamahanga, haba mu kubaka intererano y’uburyo wanashaka n’ivyiyumviro bareke kwama biyamamaza ngo barikukiye, barikwije, canke ngo barigenga. Ehe raba! Aho mu gihugu kibanyi c’Urwanda izo ngorane ntazo nizaba zihari ngira ngo Leta yahoo irazihereza kuko ndafise umugenzi aba i Nyamirambo muri Kigali iwabo ngo nta matara acikagurika. Kubera iki? Nta ngomero baturusha, uwodukura hanze tuwukura hamwe wanashaka nta mvura yama irwa mu Rwanda gusa mu Burundi ntiharwe. Twizereko bitazoshika mu mwaka w’2013 nawe ntu! Ahandi ho Umushikiranganji Ndayiragije Samueli yopfuma atanga imihoho kuko ngira ngo ntibikwiye ko ca kinyamakuru Arc-en-Ciel kimwongera uwundi mudari.

Murundi mwene wacu nawe munyamahanga ukunda Aburundi, warakurikiranye ingene Umushikiranganji w’Ubutungane Ndikumana Jean Bosco yahagaritse abacamanza mu kazi mu kiringo c’amezi abiri ngo baciye urwa ngondagonde? Emwe! Ngira ngo ubu hoho waratangaye, jeho urazi ko ntakivuga! Na sendika SYMABU y’abacamanza yagiye yavuga kuko yamusavye ko afuta iyo ngingo kuko ni ibara. Abacamanza basigaye bakoreshwa nk’abakozi bo mu nzu batagira amategeko abagenga ugasanga bashebuja barabarenganya uko bashatse. Ehe raba ncuti kuri rwarubanza rw’umukuru wa MSD Alexis Sinduhije abaruciye baravunderejwe mu gihugu hagati, abari bambitse izera uwahoze ari musitanteri wo mu Giteranyi bitwa abamenja nabo baca barahagarikwa. Ni ukuri bitagoye! Iyo baciye iza ngondagonde basukira mu cogeje amarementanya afise isoko mu mugambwe CNDD-FDD canke mu bajejwe umutekano bigenza nk’abarwanyi buwo mugambwe, umushikiranganji agaca yirabisha hirya kuko baba babizinanyemwo. Tubaye turareka urubanza rw’Umushingamateka El-Hadj Hussein Radjabu nabo bari kumwe usanga abarukurikiranye n’ubu bacifashe ku munwa ! Twibuke urubanza rw’Umushingamateka Mpawenayo Pasteur ruri m’umwiherero udahera, na Nkurunziza Gerard apfunzwe ata na dosiye. Mbega urabonana na Jenerali Adolph Nshimirimana ? Uti Ubutumwa wahaye umwe mu bashingamateka ngo ashikirize El-Hadj Hussein Radjabu bwarashitse, niyandekurira uti nzomuha inyishu, ariko ico noba ndagutuma umumbwirira uti « Reka kwisuka muvy’imigambwe uzobizemwo umaze gusubizwa mu buzima busanzwe, ntubivange n’ibikorwa vy’urwego urimwo ntibijanye ». Nayo kubijanye n’inyishu El-Hadj Hussein Radjabu atanga Imana ibishatse andekuriye nzogutuma. Ni kuri ivyo ncuti ndangirijeko ariko ntibagiye ko na wewe woguma wibuka ya mpanuro ya Musenyeri Ntahoturi aho yasaba Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudahindagura amategeko nkabandi bama bashaka kwigumiza ku butegetsi. Iyo mpanuro ntiwobura uwo uyifashisha nawe. Urakoze.

                                          Hon. KAMPAYANO PASCALINE