Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Lettre N°50)
Le 02 octobre 09

Ikete N°50
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,
Uraho ? Jewe ndaho kandi ndashimishwa n’uko muvyo nama ndakwandikira ubu ubona ukuri hamwe woba ufise agatima ko gutahura. Ncuti, sinakwandikiye ko ihagarikwa ry’abashingamateka 22 ritakurikije ibiri mw’ibwirizwa nshingiro mungingo zayo zijana n’ingene Umushingamateka aja mu mabanga yiwe n’ingene ayavamwo ? Irabire nawe ingene ubu hariho itegeko rigenga amatora ryashizwemwo ingingo y’uko Umushingamateka avuye mu mugambwe aca ava muri ayo mabanga, iyo ngingo ikaba itega abavuye mu mugambwe imbere yuko rijaho, wanashaka rikaba ritomora ko izoja mu ngiro imaze kuja mu mabwirizwa bita « loi organique » mu gifaransa. Nkiri kuri ivyo vy’abo bashingamateka, ubu biratomoye, ntanakimwe kikibabuza gutonda ku bikorwa vyabo ari naco gituma ibiro vy’Inama nshingamateka bikwiye kwitegura kubakira co kimwe n’abandi bavuye mu karuhuko. Gurtyo bizoba vyambitse umutamana Uburundi usanga bwama buriko buravumwa ko bwahonyanze Demokarasi.
Murundi mwene wacu nawe Munyamahanga ukunda abarundi, mbega tukiri kuri iryo tegeko rigenga amatora ! Warasomye ingingo yaryo y’umunani ku bijanye n’ikigongwe c’agateganyo, ingene iyo ngingo yahinyanyuwe kuburyo inyurana n’ibwirizwa nshingiro ikanyurana n’ibiri mu masezerano y’i Arusha kubera inyungu z’umuntu canke akarwi k’abantu? Emwe ! Novuga ko ibara ryaguye kubera hari abemanga gukorera ku biteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro. Ntubona ko hakwiye imyumvikano mu barundi kuri izo mpanuro gurtyo inyuma yayo ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwe ku neza y’igihugu kuko ari naryo riri hejuru y’amategeko yose, wanashaka n’Umukuru w’igihugu mu gushikira amabanga arahira ko azoryubahiriza. Ni ukuri bigumye uko biri kazoba ari akamaramaza.
Ncuti, uribuka ko nabaye uwambere kuva mu mugambwe CNDD-FDD kubera ihonyangwa ry’amategeko ! Yeremiya NGENDAKUMANA avuga ngo ngiye ndi umwe ariko ko haca hinjira ijana ! raba ! ubu ahubwo abavamwo babaye umurengera, noneho n’umuvugizi wa CNDD-FDD yivugiye ku maradiyo ngo abagenda baja iyo bweze. Jewe nibaza ko ahari ivyeze ari ahari ubutegetsi kuko ariho hari ibihiye, novuga ahubwo ko bahunga kutagira iteka biturutse kuri iryo honyangwa ry’amategeko no kutagira agatima ko kuja inama yo soko ry’amahoro. Abagenda baja iyo barya bike ariko bakaryama kare kubera ugutekanirwa ; uwutekaniwe niwe aheza akaronka vyinshi mu nyuma kandi akabironkana iteka biturutse ku gukunda ibikorwa arangurana umwete n’urukundo ku gihugu agaheza akabihemberwa.
Ndangije ndagushikiriza indamutso za El Hadj Hussein Radjabu n’abandi bashingamateka ubutegetsi bwapfunze kubera uduharuro tugayitse twa politike nongera ndagusaba ko woguma ufashanya n’abandi mukwereka Umukuru w’igihugu ko kubapfunga abaziza amarementanya tuzi twese bidaha iteka igihugu. Urakoze.
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|