Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Lettre N°49)
Le 23 septembre 09

Ikete N°49
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,
Uraho urakomeye ? Jewe ni sawa ntacahindutse. Uyu musi ndagufitiye inkuru zitari nke mugenzi !Reka mbanze nsubire kukwibutsa ko itegeko rigenga amatora ryatowe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka . Icatangaje ni uko naho ryatowe ryasubiye kugarukanwa kugira ngo hasubire guhinyanyurwa izindi ngingo, ivyo bikaba bigaragara ko inama nshingamateka cane cane ari igikoresho ciza kigamburuka Leta ibwira ngo ngirira ibi, ubigire uku kikabikora. Ivyo nta gitangaza kirimwo turabimenyereye, eka n’umukuru wayo abifata nk’ibisanzwe.
Ncuti, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana naravyumvise kuri Radio RPA nakurikiye ku buhinga bwa internet avuga ko ata mushingamateka n’umwe amaze gukurwa ahorwa kuba yaravuye canke yarirukanywe mu mugambwe! Yivugiye ngo abirukanywe bahowe ibindi kandi ko bokwitwara, urazi ico vyavuyeko? Ni uko iryo tegeko rigenga amatora ubu ariho ryashizwemwo iyo ngingo igayitse itahoraho kandi itari no mw’ibwirizwa nshingiro ukaba uzi ko uwo mushikiranganji abizi neza kandi nkaba ndakumenyesheje ko yize amategeko. Kuri ivyo yarerekanye ko naho urwandiko rukura abashingamateka 22 rwerekana ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yaryisunze, iryo naryo kubw’umukuru w’iyo sentare ngo rikaba ritemerera umushingamateka wese yavuye mu mugambwe gusasa. Narigeze ncuti kukwandikira ndagutuma kuri uyo mupfasoni arongoye iyo sentare ngo umumpere impanuro ka bupfasoni! Warabikoze? Ni akamaramaza. Ngira ngo afise ibwirizwa nshingiro ryiwe akoresha Atari rirya ryatowe n’abanyagihugu ahubwo ryateguwe na CNDD-FDD. Turagowe yemwe! Mbega umukuru w’igihugu abibona gute? Umushikiranganji w’ubutungane ari hehe? Yoba akiri Ndikumana Bosco? Emwe ntakakaza! Mu ncamake, ubutegetsi nibwisubireko bwisubize agateka mu Burundi no mu makungu busubize agateka abo bashingamateka mu kubasubiza mu mabanga yabo. Nayo ivyo bindi bahowe binyuranye n’urwo rwandiko ntavyo tuzi. Sinzi ko Bigirimana Télésifori ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’iperereza yoba abizi? Ehe! Bigirimana Télésifori arabmbabarira we yoba azi ico bahowe kuko arazi udukuru twinshi ariko kuri ico kibazo si udukuru tujanye no kwubahiriza amategeko kandi ntaco twofasha iyo sentare, nta n’ico twokwereka uwo ariwe wese ko iri mu kuri. Ibindi bijanye n’itorwa ry’iryo tegeko warabikurikiranye cane cane akamaramaza k’uko bamwe mu banyepolitike, nk’uwurongoye umugambwe Frodebu, Umushingamateka Léonce Ngendakumana , yemanga ata soni ngo baritoye bataryemera; ni agatangaza! Iryo tegeko kandi mugenzi rirerekana mu ngingo yaryo y’8 ko Umukuru w’igihugu yiyongeye ikigongwe c’agateganyo muri rwa rubanza yacirwa.
Ikigongwe nta wari acanse ariko kuciha si vyiza kuko ni ugusuzugura amasezerano y’amahoro be n’ibwirizwa nshingiibro, cane cane ko biba ariko aracinyiza abandi. Hakwiye umwidegemvyo naho woba uwa’agateganyo kuri bose no mu mwumvikano na bose kugira ngo hakorwe ivyubahiriza demokarasi mu Burundi n’ingendo yo kuja inama. Uzi n’inkuru? Umwe Ndagijimana Karori yakoreshwa muri ya ma rementanya y’urubanza rw’Umushingamateka EL-Hadj Hussein Radjabu abanyagihugu bo muri komine Butihinda baramubonye ariko arigishiriza umugambwe CNDD-FDD ari kumwe na Musitanteri w’iyo komine! Baratangaye bati “ohoo! Bwabundi no muri rurya rubanza rw’Umushingamateka EL-Hadj Hussein Radjabu aba ari ku gikorwa c’umugambwe!!” Have ngeze ngaha! Udukuru ni twinshi ntawotumara ariko ugume ushira ku muzirikanyi ya mpanuro ya Musenyeri Ntahoturi yabwira umukuru w’igihugu igihe arahira amuhanura ngo ntaze agire nk’abandi bama bashaka guhindagura amategeko kugira bigumize ku butegetsi. Urakoze.
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|